Igiterwa c'ibinyantete ca kera mu Burundi kandi cari cubashwe cavamwo umutsima canke bakabwengamwo inzoga. Bwerera hejuru ariko buba bugufi canke bukangana n'umuceri. Bufise amababi akomeye ariko aremvye cane. Burarimwa cane mu ntara kama ya Mugamba. Ubwoko bwabwo buzwi cane ni Inampfunsi : uburo bwipfûmbata bukaba bugufibugufi. Mu kubugenya baricara bagashika hasi.
Muribuka ya mvugo ngo ivyanje vyoyaga abagenya uburo.
Injira kugira utore.
0